Umukunzi uturiye - Mwalimu LAKHPIN


       Nsiga Yezu umusingizwa
       Utansiga amansonza
       Akansarika ibisare by’iseruka
       Ngasiga ntiswe umusuhere
       Niswe umuserukirashimwe.

       Angaba ituze agahora andata
       N’ibiti bwite bitega ibyate
       Biti dutake uyu wadutuje
       Na yo imitaga igatabwa itawe
       Imico myiza ikaba nk’ibiza.

       Umuco ncengewe mu macuka
       Umpa gucika njya kuwuconga
       Mbona ibicanyi bicura icana
       Bica agacyocyo aho imbere yacu
       Biti uyu yezu ni karuhura

       Umururumba umwe w’uburumbo
       Ubura kumboneka imubyimba
       Imbuga zange ni zo kuramba
       Mba impoza n’ibi ndabiririmba
       Imbeho yibera mu binamba.

       Naratuje mvuna umutaga
       Nti ko ntashonje nkaba nakwese
       Ko nahimbye nkaba ntarembye,
       Ndeke iyi myato kandi
       Y’urugo rwiza rutumye ndambye?

       Nti hinga ngende mbivuge hose
       Na yo isahaha iti turahuye
       Ngo uce ubusembwa uvuge uwo nguwo
       Na yo amagambo uyabone meza
       Kuko ikirenze ni kumushima.

       Imana ikunda kumara intimba
       Imari ikaza ikagaba itimba
       Ngo dore ngenga menya ubwo bwenge.
       Nti hora Mana undutiye ifeza
       Intako yange yo iragutinya.

       Hinga nshime inkuyo wampaye
       Na cyo igicaniro naracyose
       Inkamwa zije mbona ayo ncunda
       Ngo ejo ntagomba kuganya cyane
       Ufite intambwe inyarutse cyane.

       N’abo bami bafite iningwa
       Ntibakuganza kuko ubarenze
       Wageze i Rwanda ho uraharara
       Warahatuye ni ko mbireba
       Kuko utahaje mba ntakirangwa

        Intego nyinshi izi z’ibihanda
        Zikora ukwazo no mu mihanda
        Ngo ejo ntarenga nkanabisenda
        Bisa n’isayo ntibinagenda
        Ariko icyo nzi mfite umuzinda.

      Ingabo zawe z’urudatsindwa
      Ku rudasesa zirahatetse
      Na bwo ubutwari zirabutwaye
      Ngo aho ntatanga ntabigusenze
      Koko ndarambe kurorwa nawe.

       Gahore urimbye ibyo biririmbo
       Uko ndabanza iri zina ryawe
       Umfate nange nge mu misango
       Ngere iyo bweze ngeze mu bawe
       Itiro ntuwe ndiguhe untunze.

       Wakoze ibyiza unsanze ahantu
       Ngusabye isaha imwe ngo ngusenge
       Uzi aho unsanga uje kunsura
       N’uko unsanga ntabigukinze
       Nduha ntagambye ibyo urabireba.

       Mburana Dawe ndeke icyo cyavu
       Mbe muto ushima ndi kurya inganzo
       Iyi yo intunze ndeke ubuceshwa
       Isibo isanzwe isige ntasinze
       Maze ngushime n’ejo bundi

       N’iyo wamfuka amaguru yose
       Amaso yanjye akabura izuba
       N’igituza cyo kikaryiba,
       Nakura ingofero umpaye
      Ngatera ivi ngo mana urera

       Mfashe nk’akanya nkabona isimbi
       Rusakaza zikansanga
       Zikansanganya iyi mpano
       Nakuza untaze umpa no guhirwa
       Ntamba Umukunzi uturiye! 

                                                                                Lakhpin

                                                                              Emmanuel Muhire


No comments:

Post a Comment